bbc.co.uk navigation

Amerika yasavye kwongerereza ibihano Syria

Ibiherutse kuvugururwa: 24 ukwa kabiri, 2012 - 17:50 GMT
Umushikiranganji Hilary Clinton

Umushikiranganji Hilary Clinton

Umishikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire, Hilary Clinton, mu nama mpuzamakungu kuri Syria, yasavye bagenzi biwe kwongerereza ibihano Syria.

Aho yafata ijambo mu nama "y'abagenzi ba Syria", umupfasoni Clinton yasavye ibihugu vyose vyitavye inama gufatira imitungo ya Syria bakanihweza ivyo kwugara ibiro biyiserukira.

Yavuze ko ibihu bikingira bikanaha ibirwanisha ubugetsi bwa Syria, biriko birakora amaraso, abisaba guhagarika gutanga ibirwanisho vyica abanyagihugu ba Syria.

Iyo nama yumvikanye kwemeza umugwi w'abatavuga rumwe na leta ya Syria, SNC, nk'umugwi userukira icese abanyagihugu ba Syria, ariko ngo ntibigomba gusigura ko ariwo wonyene.

BBC © 2012 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.