bbc.co.uk navigation

Inzara muri NIger ituma abantu bahunga

Ibiherutse kuvugururwa: 8 ukwa kabiri, 2012 - 15:41 GMT
Inzara muri sahel

inzara muri sahel

Abagore b'abanya Niger baba mu gihugu hagati bakomeza guhungira ku murwa mukuru Niamey, bavuga ko abagabo babo batacemera kubafasha mu mihana yabo.

Leta ya NIger yatanguye gutanga infashanyo yo kuramira abantu bishwe n'inzara.

Ishirahamwe rya Bulaya rivuga ko abantu baharurwa mu miliyoni 12 000 mu bugararwa bwa Sahel bageramiwe na kigoyi.

Uyoboye inama y'ishirahamwe rya Bulaya avuga kw'ibimeneytso vyose vyerekana ko kigoyi kigiye gutera biamaze kuboneka.

Ingwara zifatiye ku gufungura nabi ngo zimaze kwibonekeza, kumwe no guhunga kw'abantu, eka n'iduga ry'ibiciro.

Ibihugu bitanu - Burkina Faso, Chad, Mali, Mauritania and Niger biramaze gutangaza ko vyatewe n'inzara.

BBC © 2012 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.