bbc.co.uk navigation

Ntibazize gutegura coup d'etat

Ibiherutse kuvugururwa: 2 ukwa kabiri, 2012 - 19:22 GMT
President Paul Kagame

President Paul Kagame

Igihe yasubiza ku bibazo vy'abanyamakuru, president Paul Kagame yavuze ko abasirikare bane baheruka gukurwa mu mirimo yabo bagapungishwa ijisho bazira gukorana n'abanyagihugu bitemewe.

President Kagame yahakanye ibihuha bivuga ko abo basirikare boba bazize gutegura gutembagaza ubutegetsi, avuga ko ivyo mu Rwanda kino gihe ar'ibidashoboka.

Lt. Gen. Fred Ibingira, Brig. Gen. Richard Rutatina, Brig. Gen. Wilson Gumisiriza na Col. Dan Munyuza bakuwe ku mirimo yabo bafungirwa mu ngo zabo kuva kuya 17 ukwezi kwa mbere uyu mwaka.

Abanyamakuru bamubajiej kandi ibibazo bitandukanye birimwo impamvu abafise ubutaka bunini badatozwa amakori, aho yishuye ko ar' ikibazo gikwiye gusubirwamwo kwirwa.

BBC © 2012 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.