Abagirizwa ubwicanyi bwa Gatumba bakatiwe

Ibiherutse kuvugururwa: 27 ukwa mbere, 2012 - 17:27 GMT
Gatumba 2011 massacres

Gatumba 2011 massacres

Abantu 16 mu bagirizwa ubwicanyi bwabaye mu gatumba umwaka uheze, bakatiwe ibihano, aho 7 muri bo bahanishijwe umunyororo w'ubuzima bwose.

Abandi indwi mur'abo 16 bahawe igihano co gupfungwa imyaka 5, nayo 2 bahanishwa gupfungwa imyaka 3.

Abandi bantu batanu bari mur'urwo rubanza rw'ubwicanyi bwo mu Gatumba bagizwe abere.

Bene gukatirwa baracafise uburenganzira bwo kunguruza na burya bakomeje kwerekana ko batanyuzwe n' uburyo urubanza ruriko ruragenda.

Abarezwe bagumye bemeza ko ivyo bakoze vyose babitumwe n'abantu bakomeye bo mu nzego z' igipolisi n'iperereza, babasaba kubafasha gufata uwo batazira Mukopno bavuga ko abangamiye umutekano.

Bakomeje gusaba ko abo bakuru bo mur'izo nzego zatumwako na sentare ariko ntivyabaye

Umwe mu baburanira abarerwa, afise amakenga ko n'ubwo abarerwa bokunguruza, umucamanza ashobora gutinya kubatumako nk' uko vyagenze ku wa mbere.

bbc.co.uk navigation

BBC © 2012 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.